IRERESI “UMUKENYEZI W’INTWARI” YAGIYE AHABONA

Iyo reresi yakinywe n’abanywanyi n’incuti za Fondation Ngoga Patrick bagendana ubumuga bw’umubiri ikaba yitwa ” UMUKENYEZI W’INTWARI”.

Iyo reresi ikaba ifise intumbero yo kwerekana ko abakenyezi bagendana ubumuga bashoboye kwitunganiriza imigambi y’ukwiteza imbere, bagashika kw’iterambere rirama batarinze gutega amaboko.

Mu Burundi, hari abantu bagendana ubumuga bw’umubiri usanga bakumigwa, ntibaronke uburenganzira bungana n’ubw’abandi batabugendana. Iyo reresi rero ikaba yigisha abarundi n’abandi bose bayiraba ko kuba ugendana ubumuga bw’umubiri bidaca bikubuza gukora ibikorwa vy’ukwiteza imbere.

https://youtu.be/KervF6g56t0

You may also like...

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *